FIFA izoha imfashanyo umukinyi wa Togo yakomeretse

Umunyegoli wa Togo Kodjovi Obilale
Image caption Umunyegoli wa Togo Kodjovi Obilale

Umunyegoli wa Togo, Kodjovi Obilale, yakomerekeye mu gitero muri Angola mu gikombe ca Afrika mu kwa mbere azohabwa na FIFA ibihumbi 25 vy'amadolari.

Obilale, afise imyaka 25, gushika ubu ntashobora gutambuka nyuma y'amezi umunani abitwaje ibirwanisho barashe ibisi yari itwaye abakinyi ba Togo, bacinjira muri Angola.

Abantu babiri bari baherekeje umugwi wa Togo barahasize ubuzima, mu gihe umunyegoli asimbura yarashwe inshuro zibiri mu mugongo.

Obilale yashavujwe nuko ata mfashanyo yahawe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, hamwe n'abateguye ihiganwa ryo muri Angola, aca yandikira umukuru wa FIFA Blatter amusaba kumufasha.

Yaciye amwemerera ko FIFA izomuha imfashanyo, ariko ngo FIFA ntishobora kubazwa amahano yashikiye umugwi wa Togo muri Angola.

Ibindi kuri iyi nkuru