Afrika y'epfo ishaka gutegura igikombe ca Afrika co mu 2015

Soccer city
Image caption Ikibug cy'umupira muri Afurika y'epfo

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika y'epfo ryamenyesheje ko rishaka gusaba gutegura igikombe ca Afrika mu 2015.

Ico gihugu kivuga ko gishaka kwunganira ivyo cubatse mu gikombe c'isi giheruka canagenze neza, kikakira inkino zikome muri Afrika.

Ico gihugu kiramaze kwakira inkino z'igikombe ca Afrika, kikaba caragitwaye mu 1996 kigiye mw'iryo higanwa ubwa mbere.

Afrika y'epfo iri kumwe na Maroc mu bihugu bishaka gutegura inkino z'igikombe ca Afrika co mu 2015, mu gihe Maroc imaze kuvuga ko igishaka mu 2015 canke 2017.