Wayne Rooney yeme kuguma muri Manchester

Wayne Rooney n'umumenyereza wiwe Alex Ferguson
Image caption Wayne Rooney n'umumenyereza wiwe Alex Ferguson

Wayne Rooney yatangaje bose mu kwemera gushira umukono ku masezerano mashasha yo gukinira Manchester United iyindi myaka itanu nyuma y'iminsi mike avuze ko ashaka kugenda.

Ku wa gatatu uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 24 yavuze ko atewe impungenge n'inguvu z'umugwi akinira bikaba ari vyo vyatumye yanka gubandanya awukinira.

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson, yavuze ko anezerejwe cane no kubona Rooney yemeye kubandanya amukinira.

Rooney yavuze ati: "Navuze ku wa gatatu ko umumenyereza wacu ari igihangange, kandi kuba anyemera akananshigikira nivyo vyatumye ndahaguma".

Yabandanije avuga ko anezerejwe no kugirana ayandi masezerano na Manchester; ngo yavuganye n'umumenyereza hamwe na bene umugwi bamweza ko ariho akwiye kuguma.

Yavuze kandi yuko ngo ko agumye muri Manchester yizeye ko abayikoramwo bose bazogumana ugushaka kwo gutsindira ibikombe nk'uko Manchester yamye ibigira, ngo nico catumywe ashima kuyikinira.