Didier Drogba yafashwe na malaria

Umukinyi w'imbere wa Chelsea Didier Drogba
Image caption Didier Drogba

Umumenyereza wa Chelsea, Carlo Ancelotti avuga ko umukinyi w'imbere Didier Drigba yavuwe indwara ya malaria muri ino minsi.

Uwo mumenyereza w'umutaliyano yavuze ko umunye Cote d'Ivoire Drogba yafashwe na malaria ari mu karuhuko ariko ngo ubu yarorohewe akaba azokina urukino rwa Fulham ku wa gatatu.

Drogba yavuze ko afise umuriro buca Chelsea ihura na Liverpool kuwa Mungu uheze, ariko yakinye igice ca kabiri mu rukino batsinzwe 2-0

Ancelotti yavuze ko ibipimo vyafashwe kuwa mbere ari vyo vyaberetse ko yari malaria.