Urukino rwa Mancheter United na City

Umumenyereza wa Manchetse United, Sir Alex Ferguson
Image caption Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson, yavuze ko urukino ruhuza United na City ruza kuba ruhambaye cane kurusha izindi zahuje ino mirwi.

Umumenyereza wa Manchester United yavuze yuko uburyo bwo gukinana igikenya bwa City buza gutuma urukino rushuha.

Ferguson ati: "Hari ugushaka gukomeye muri uru rukino rw'imigwi ituye hamwe muri kino gihe, ibintu bitariho mu myaka 10 canke 15 iheze".

Hagati aho umumenyereza wa City, Roberto Manchini, yavuze ko Chelsea izotwara igikombe, ngo umurwi wiwe nawo uriko uhiganirwa ikibanza ca kabiri.

Ferguson nawe yavuze yuko amahera City ifise muri kino gihe kuva aho iguriwe na Sheikh Mansour mu 2008, ngo yongereza akunyu mu rukino.