Andy Carroll azokinira Ubwongereza ubwa mbere

Andy Carroll mu mwimenyerezo na bagenzi biwe
Image caption Andy Carroll mu mwimenyerezo na bagenzi biwe

Umukinyi w'imbere wa Newcastle, Andy Carroll, azokinira Ubwongereza urukino rwa mbere ejo ku wa gatatu aho buzohura n'Ubufaransa mu rukino rwa kivukanyi.

Umumenyereza Fabio Capello yamenyesheje ko umukinyi wa Sunderland akina hagati, Jordan Henderson nawe azokinira Ubwongereza ubwa mbere, mu gihe uwa Arsenal Kierron Gibbs azotangura urukino.

Capello yavuze ko Carroll w'imyaka 21, aheruka kwemera ko yahohoteye umuntu, ngo akeneye kwitwara neza mu buzima bwite bwiwe.

Umukinyi wo hagati Jack Wilshere ntazokina kubera imvune, mu gihe umunyegoli Joe Hart ariko asuzumwa n'umuganga.

Ivyo bibaye nyuma yaho uwo munyegoli wa Manchester City akomerekeye mu mwimenyerezo i Wembley kuwa kabiri, nayo Wilshere wa Arsenal, vyavugwa ko azokinira ubwa mbere Ubwongereza, ntiyari mu myimenyerezo.