Chelsea irakinisha abakiri bato mu ruki rw'uno munssi

Umumenyereza wa Chelsea Carlo Ancelotti
Image caption Carlo Ancelotti

Chelsea iraha amahirwe abakinyi bayo bakiri bato yo kwerekana ico bashoboye mu rukino rwa Champions League iza gukina na Zilina.

John Terry afise ikibazo c'umutsi amaranye igihe, mu gihe Frank Lampard agifise ingorane y'imvune mu kuguru kandi Michael Essein nawe arwaye ku ino.

Umukinyi w'inyuma Alex, yigize gukenera kubagwa kw'ivi arahabwa akaruhuko, Jeffrey Bruma aje mu basimbura.

Umumenyereza Carlo Ancelotti, yagomvye kubeshuza amakuru y'uko agire atange imihoho, akaba yahaye umuyabaga Josh McEachran amahirwe yo gukina ubwa mbere.

Ancelotti yavuze ko hageze ko McEachran atangura gukina, ati yerekanye ukwitwara neza hamwe n'ubuntu bubereye, ngo rero ni igihe ciza kuri we.