Ubwongereza burahangayitse ku gikombe c'isi 2018

David Cameron
Image caption David Cameron

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yavuze ko amahirwe yo kwakira igikombe c'isi co mu 2018 atazobangamirwa n'ikiganiro ca BBC gitohoza kuri FIFA.

Ikiganiro ca BBC, Panorama, gitohoza amakuru yerekeye igiturire muri FIFA kizoca kuri television ku wa mbere itariki 29 z'ukwa 11, amatora ya FIFA abe itariki 2 z'ukwa 12.

Cameron yavuze yuko bihangayikishije kubona BBC izoshirako ico kiganiro hasigaye iminsi mike ngo FIFA itore igihugu kizokwakira igikombe c'isi co mu 2018.

Ariko yongeye ko yuko Ubwongereza ari igihugu kirimwo ukwishira n'ukwizana.

Uwurongoye umugwi ushigikiye ko Ubwongereza bwakira igikombe co mu 2018, Andy Anson, yagirije BBC ko idakunda igihugu mu gushaka gushirako ico kiganiro imbere y'uko amatora aba.