David Beckham afitiye icizere Ubwongereza

David Beckham
Image caption David Beckham

Umukinyi w'umupira w'amaguru w'umwongereza, David Beckam, yizeye ko Ubwongereza buzoronswa amahirwe yo kwakira igikombe c'isi mu 2018.

Beckham w'imyaka 35, niwe aserukiye Ubwongereza mu kubusabira kwakira inkino z'gikombe c'isi c'umupira w'amaguru co mu 2018, akaba ari mu nzira aja i Zurich aho amatora azobera.

Uwo mukinyi yahoze ari kapitene w'Ubwongereza, yaranafashije cane kugirango ico gihugu gihabwe gutegura inkino za Olympic zo mu 2012.

Yavuze ko yibaza ko izina ryiwe rizogira ico rimaze Ubwongereza bukemererwa gutegura inkino z'igikombe c'isi co mu 2018.

Beckham ari mu mugwi w'abantu 30 baserukiye Ubwongereza bagiye i Zurich kugerageza kwumvisha abatwara Fifa mu matora azoba kuwa kane, ko Ubwongereza bwiteguye bikwiye.