Manchester City izotegeka Tevez kutagenda

Carlos Tevez
Image caption Carlos Tevez

BBC yamenye ko Manchester City itazogurisha umukinyi wayo w'imbere, Carlos Tevez, amaze kumenyesha ko ashaka kwigira.

Uwo mukinyi w'imyaka 26 avuga yuko ashaka kugenda kuko imigenderanire yiwe na bamwe mu batwara umugwi wa City yononeka ubutakivayo.

Ariko abakuru mu batwara Manchester City bavuga yuko ivyo ata shingiro bifise.

Tevez niyanka gukina canke agaheba umupira, umugwi uzoca waka indishi kuwo bamuguzeko z'uko yarenze ku masezerano y'akazi.

Ayo masezerano, asigaje imyaka itatu n'igice ngo ahere, bivugwa ko afise agaciro k'amamiriyoni menshi y'ama pound.

City yafashe icemezo co kutagurisha Tevez, nyuma y'umubonano na nyene uwo mugwi, Sheikh Mansour.