David Beckham aracashaka gukinira Ubwongereza

David Beckham
Image caption David Beckham

David Beckham, umukinyi wa Los Angeles Galaxy, avuga ko agifise ishaka ryo gukinira Ubwongereza naho bamufata nk'umukukuruke mu mupira w'amaguru.

David Beckham ejo yaronse agashimwe k'umunonotsi amaze gushika kuri vyinshi mu birori vyo kuraba umunonotsi yarushije abandi mu Bwongereza muri uno mwaka.

Uwo mukinyi w'imyaka irenga 30 avuga yuko ako gashimwe naho kamunejereje, gahabwa umuntu yakukurutse mu murimo wiwe, ariko wewe ngo ico gihe ntikiragera.

Beckham avuga ko agishaka gushika kuri vyinshi mu mupira w'amaguru, harimwo gusubira guserukira Ubwongereza muri uwo mukino.

Umumenyereza w'Ubwongereza, Fabio Capello, yabariye Beckham ko atazosubira kumutora mu bakina kuko ngo imyaka yiwe imaze kwitera.

Beckham ariko avuga ko agishoboye, ngo akaba avyifashemwo neza iyo akina muri Amerika, akaba yizera ko umunsi umwe bazomuhamagara gukinira Ubwongereza.