Rafael ntazokina urukino rwa Manchester na Southampton

Rafael Da Silva
Image caption Rafael Da Silva

Umukinyi w'inyuma wa Manchester, Rafael, ntazokina urukino rwa FA mu Bwongereza hagati ya Manchester na Southampton kubera kubabara ku mutwe.

Umunye Brazil Rafael, yagonganye umutwe na Marlon Harewood wa Blackpool mu rukino rwo ku wa kabiri Manchester yatsinze 3-2, aca ajanwa kwa muganga gusuzumwa.

Rafael w'imyaka 20, yaciye asohoka ibitaro akaba yarasubiye i Manchester ari kumwe n'abandi bakinana.

Umumenyereza Alex Ferguson yavuze ko mu gihe afise ikibazo co kubaba mu mutwe, ntashobora gukina urukino rwo ku wa gatandatu.

Kubabara kwa Rafael ni kimwe mu vyatumye hongerwa iminota cumi ku rukino i Blackpool, aho United yagombora bibiri yari yatsinzwe, igatsinda bitatu birimwo bibiri vya Dimitar Berbatov na kimwe ca Javier Hernandez.

Ubu Manchester United niyo irongoye urutonde rw'agateganyo muri Premier League n'amanota 51, igakurikirwa na Arsenal ifise 46, mu gihe Manchester City ya gatatu ifise 45 iya kane ikaba Chelsea n'amanota 41.