Rafael Benitez avuga ko Torres akwiye imiriyoni 70

Rafael Benitez Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Rafael Benitez

Uwahoze amenyereza Liverpool, Rafael Benitez, avuga ko Fernandos Torres yagomba agurwe imiriyoni 70 z'ama pound mu mwaka uheze.

Umukunyi w'imbere Torres yagiye muri Chelsea ku wa mbere ku kiguzi ca mbere kinini mu Bwongereza c'imiriyoni 50, ariko ngo yaraciye aranze ayo.

Mu kiganiro yahaye BBC, Benitez yavuze yuko mu mwaka uheze bavuga ko yogurwa imiriyoni 70.

Uwo mugabo w'umunye Espagne w'imyaka 50, yavuze yuko yifuza kuzosubira kumenyereza Liverpool muri kazoza.

Torres yagiye muri Chelsea ku munsi wanyuma w'isoko ry'abakinyi, ariko ngo Chelsea yari yamenyesheje ko imushaka mu kwa gatanu kw'umwaka uheze.