Uefa iratohoza kuri Gattuso

Gattuso afashe mu kanigo Joe Jordan Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gattuso afashe mu kanigo Joe Jordan

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Buraya rigiye gutohoza ku mukinyi wa Milan, Gennaro Gattuso, yakubise umutwe umumenyereza wa Tottenham,Joe Jordan.

Ivyo vyabaye nyuma y'urukino Milan yatsinzwe 1-0 na Tottenham mu rukino rubanza rwa Champions League i San Siro mu mirwi 16 isigaye mw'ihiganwa.

Gattuso akinira Ubutariyano akaba yaranakiniye umugwi wo muri Ecosse, Rangers, bivugwa ko yamaze gusaba ikigongwe.

Abajejwe indero muri Uefa bazohura ku wa mbere bihweze ikibazo ca Gattuso.

Amategeko ya Uefa ategekanya igihano co guhagarikwa imikino itatu ku makosa nk'ayo, ariko iryo shirahamwe rifise ububasha bwo gutanga igihano gisumvya ico.