Evra azobandanya akinira Manchester

Patrice Evra
Image caption Patrice Evra

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United, Patrice Evra, yashize umukono ku masezerano yo kubandanya akinira uwo murwi gushika mu mwaka w'2013/2014.

Uwo mukinyi w'imyaka 29 amaze gukinira Manchester inkino 226 nyuma yaho azite muri uwo murwi mu 2006 avuye muri Monaco kumahera imiriyoni zitanu z'ama pound.

Evra yabariye uruburwa rwa Machester ati: "Kuva aho nshikiye muri United, indoto zanje zahindutse ukuri.

"Natsindiye vyinshi mu myaka itanu iheze, ariko nshaka gutsindira n'ibindi kandi ndazi ko bose ngaha ari vyo bashaka."

Evra amezi gutsindira igikombe ca Premier League gatatu hamwe n'ica Champions League kuva yaza muri Manchester, akaba amaze gukundwa n'abarorerezi benshi.

Umumenyereza wa Manchester, Alex Ferguson, yavuze ati: "Nta nkeka ko Patrice ari mu bakinyi b'akina inyuma ibubamfu ba mbere beza kw'isi."