Bale: Wales ishobora gutsinda Ubwongereza

Gareth Bale Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Gareth Bale

Umukinyi rurangiranwa wa Tottenham yo mu Bwongereza, Gareth Bale, avuga ko Wales ishobora gutsinda Ubwongereza mu nkino zo guhiganirwa kuja mu gikombe ca Euro 2012.

Iyo mirwi ibiri izokina kuri uyu wa gatandatu kuri Millenium Stadium iri Cardiff muri Wales.

Wales kuri ubu ni iyanyuma mu murwi G, ikaba yaratsinzwe inkino za mbere zitatu muri ayo mahiganwa.

Ariko Bale w'imyaka 21 avuga ko mu gihe Gary Speed ubu ariwe mumenyereza, Wales ngo ishobora gutangaza abakinyi ba Fabio Capello.

Bale yitwaye neza cane mu nkino umurwi wa Tottenham watangajemwo benshi mu gutsinda Inter Milan na Ac Milan mw'ihiganwa rya Champions League.

Mu gihe avuga yuko yakize neza nyuma yimvune yamwicaritse indwi zitandatu, yizera ko ivyo agira muri Tottenham ashobora kubisubiramwo akinira igihugu ciwe mu rukino n'Ubwongereza i Cardiff.