Ghana yiteguriye guhangana n'Ubwongereza

Umukinyi wa Ghana Sully Mutanri aramaze gutsindira i Wembley
Image caption Umukinyi wa Ghana Sully Mutanri aramaze gutsindira i Wembley

Ubwongereza ntiburigera butsindwa n'umurwi wo muri Afrika ariko abanye Ghaga benshi bavuga ko ari uko butarahura na Black Stars.

Abakunzi ba Black Stars batewe iteka n'uko uwo murwi washitse mu ca kane c'igikombe c'isi, bafise icizere c'uko bashobora gutsindwa Ubwongereza, na rirya bamwe mu bakinyi babwo rurangiranwa nka Terry, Cole, Lampard, Rooney na Dawson, batazokina.

Naho kuba Ubwongereza busa n'ubwagaye uru rukini bikaba vyababaje bamwe mu bakunzi ba Ghana, ntaco bizohindura ku bakinyi bafata uru rukino nk'urwo mu gikombe c'isi.

Ikibazo bafise ni umwanya ruzobera ko, mugihe ari amasaha 48 gusa nyuma yaho Gahana itsindiye Congo 3-0 mu nkino zo mu murwi I zo guhiganirwa ikibanza mu gikombe za Afrika co mu 2012, ibitsindo vyatisnzwe na Prince Tagoe, Dominc Adiyiah na Sulley Muntari.

Urukino rwa kivukanyi hagati ya Ghana n'Ubwongereza ruzoba ejo ku wa kabiri i Londre ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Wembley Stadium.