Umunye Amerika Kroenke ashaka kwegukana Arsenal

Abakinyi b'umugwi wa Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Allsport Wires
Image caption Abakinyi b'umugwi wa Arsenal

Umunye Amerika w'umugwizatunga, Stan Kroenke, yongereje imigabane yiwe mu mugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza, Arsenal, gushika ku bice 62% anavuga ko ashaka kuwugura wose.

Kugura Arsenal rwose vyatangujwe nyuma yaho ishirahamwe Kroenke Sports Enterprises ryegukaniye imigabane ya Danny Fiszman (16.1%) hamwe na Lady Nina Bracewell-Smith (15.9%).

Ivyasabwa na KSE vyaremejwe, imigabane ya Arsenal ikaba ishirwa ku giciro ca £11,150, agaciro k'umugwi wose akaba ari imiriyoni £731.

Kroenke yabanje kugura 9.9% vy'imigabane ya Arsenal mu 2007.

Yavuze ko anezerejwe no kwongereza imigabane bafise muri Arsenal hamwe no kuba biyemeje kugira ijambo rinini muri uwo murwi.

Ishirahamwe rya Kroenke w'imyaka 63, rifise kandi umurwi wa Basketball Denver Nuggets, umugwi wa ice hockey Colorado Avalanche, umugwi wa footbal yo muri Amerika St Louis Rams hamwe n'uwumupira w'amaguru Colorado Rapids.