Umukinyi Olubayo Adefemi yapfiriye mu Bugiriki

Olubayo Adefemi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Olubayo Adefemi

Umukinyi w'inyuma wa Nigeria Olubayo Adefemi yapfyiriye mu Bugiriki aguye mu mpanuka y'imodoka nk'uko vyavuzwe n'igipolsi c'ico gihugu.

Uwo musore yari afise imyaka 25, akaba yakinira umugwi Skoda Xanthi, yananiwe kuyono umuduga wiwe kw'ibarabara rya Egnatia aca agira isanganya.

Adefemi yariko aratwara imodoka ava Xanthi aja Salonika mu ntara ya Kavala mu bureruko bw'Ubugiriki.

Uwo mukinyi w'igeze gukinira Rapid Bucharest, yari agiye muri Nigeria guheraheza gutegura urubanza rw'ubukwe bwiwe igihe iyo mpanuka yaba, nk'uko vyavuzwe n'igipolisi.