Arsene Wenger avuga ko Fabregas bamutahuye nabi.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger

Umumenyereza wa Arsenal yo mu Bwongereza, Arsene Wenger, avuga ko amajambo umukinyi wiwe Cesc Fabregas yabariye ikinyamakuru co muri Espanye yumviswe nabi.

Bisomeka ko Fabregas yavuze nabi Wenger, ariko ikinyamakuru Don Balon kivuga mu rwandiko ko amajambo Fabregas yavuze bayanditse uko ari.

Ariko Wenger yasubije ati: "Ivyo bavuga ntakamaro twebwe bidufitiye, ntibubahirije ivyo twasezeranye.

"Ntakiganiro na kimwe tuzosubira kubaha."

Fabregas yoba yarabwiye ico kinyamakuru ko Wenger yari kuba yarirukanywe iyo aba amenyereza umurwi wo muri Espagne ungana na Arsenal, uravye ukuntu uwo murwi ata gikombe uratsindira kuva igihe watwara ica FA mu 2005.

Fabregas yavuze ati: "Birazwi neza ko muri Espagne uri Emery (amenyereza Valenica), Guardiola (amenyereza Barcenona) canke Mourinho (amenyereza Real Madrid), ukamara imyaka itatu ata kintu utsindiye, birumvikana ko uca wirukanwa."

Ica mbere Wenger yavuze kuri ayo majambo ni uko ngo uwanditse iyo nkuru yahinduye amajambo yavuzwe na Fabregas, ngo akaba ari vyo vyamubabaje.