Dimitar Berbatov ntazokina urukino rwa Schalke 04

Dimitar Berbatov ariko arakezwa na bagenzi biwe Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Dimitar Berbatov ariko arakezwa na bagenzi biwe

Umunye Bulgaria akinira Manchester United, Dimitar Berbatov, ntazokina urukino rwa mbere rwa Manchester rw'ica kabiri ca Campions League ruzoyihuza na Schalke 04

Berbatov aracabangamiwe n'igikomere, canatumye adakina urukino rwo ku wa gatandatu aho Manchester yatsinda Everton.

Uwo mukinyi w'imbere ntivyari vyizewe ko azokina urukino rwo mu Budage, ariko kuba atazoba ahari bigabanya amahirwe ya Manchester yo kuronka ibitsindo na rirya ari we amaze kwinjiza vyinshi.

Umumenyereza wa United Sir Alex Ferguson avuga ko ata kibazo afise c'abasubiye gukomereka imbere y'urukino ruzobera ku kibuga ca Veltins.

Kapitene akina inyuma Nemanja Vidic hamwe n'umukinyi wo hagati Park Ji-Sung bahawe akaruhuko ku wa gatandatu, bakaba bashobora gukina ejo.