Manchester ishashaye urukino rwa nyuma

Sir Alex Ferguson Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson, avuga ko azokinisha umurwi ukomeye mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'Ubwongereza bazokina na Blackpool ku wa Mungu.

Blackpool niyo ifise akazi katoroshe mu mirwi itanu irwanira kuguma muri Premier League, ukaba uzoja guhura n'abatwaye igikombe c'iryo higanwa uno mwaka.

Ferguson ahanze ijisho rimwe urukino rwa nyuma rwa Champions League, ariko avuga ko atazokinisha umurwi utamenyereye.

Edwin Van der Sar, Darren Fletcher, Patrice Evra, Paul Scholes, Anderson, Dimitar Berbatov ngo bose bazokina.

Blackpool iri mu rugamba rwa batanu na Blackburn, Wolves, Birmingham na Wigan, zose zikaba zirwanira kutamanuka ngo zisange West Ham.