Ryan Giggs ntiyabonetse mu myimenyerezo

Ryan Giggs Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ryan Giggs

Umukinyi wo hagati wa Manchester United, Ryan Giggs, ntiyabonetse mu myimenyerezo ibera hanze y'uno munsi imbere y'urukino rwa Champions League.

Giggs yavuzwe mu nama nshingamateka y'u Bwongereza ko ariwe mu kinyi rurangiranwa yashizeko itegeko ribuza kuvuga ko yashurashuye n'umukobwa akora kuri television.

Uwo mukinyi w'imyaka 37 ava muri Wales nta makuru y'uko yoba yaravunitse azwi.

Bamubajije akamaro ka Giggs kuri United, umumenyereza Sir Alex Ferguson yavuze ko abakinyi bose bamufitiye akamaro.

Umukinyi w'inyuma Rafael, uwo hagati Paul Scholes, umunyegoli Edwin van der Sar hamwe n'umukinyi w'imbere Dimitar Barbatov bose ntibaje muri uwo mwimenyerezo, warabwe n'abakunzi ba Manchetser United bashika ku 200.

United yatsinzwe 2-0 na Barcelona aho iyo mirwi iheruka guhura mu rukino rwa nyuma rwa Champions League mu 2009, ariko Ferguson ashima kwibanda ku nkino zibiri z'ica kabiri k'igikombe mu 2008, aho umurwi wiwe utigeze winjizwa igitsindo na kimwe, ukaza kutsinda 1-0 ukabandanya.