Serena Williams agarutse mu rukino

Serena Williams
Image caption Serena Williams

Serena Williams yamenyesheje ko azogaruka mu mahiganwa ya Tennis mu gukina mw'ihiganwa rya Aegon International i Eastbourne mu ndwi iza.

Uwo munye Amerika kazi w'imyaka 29, ntarasubira gukina kuva aho atsindiye Vera Zvonareva mu mahiganwa ya Wimbledon mu mwaka uheze.

Haciye akanya gatoyi atsinze iryo higanwa, yakomerekejwe n'igisate c'ikiyo ku kuguru aca akenera kuvugwa bikomeye kuko yagize ikibazo c'amaroso yigomeye mu mahaha.

Muri iryo higanwa ryo kwitegurira irya Wimbledon, harimwo na mwenewabo na Serena, Venus, hamwe n'uwatsinze ihiganwa rya Roland Garos, Li Na.

Venus ntarasubira gukina kuva aho ahagarikiye urukino ku ngunga ya gatatu mw'ihiganwa rya Australia Open mu kwezi kwa mbere, bitewe n'ububabare yagize mu nda.

Ibibazo vya Serena vyatanguye aho yakomeretswa n'igisate c'ikiyo ku kuguru mu Budage haciye igihe gito atsinze ihiganwa rya Wimbledon.

Yakinye mu rukingo rwo kwitegura mu Bubirigi na Kim Clijsters haciye iminsi, ariko yabazwe ubwa mbere ku bw'ico gikomere agarutse muri leta zunze umwe za Amerika.