Tottenham:Chelsea ngo yasuzuguye Luca Modric

Umukinyi Luca Modric Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Umukinyi Luca Modric wa Tottenham

Mu gihe isoko ry'abakinyi rigeze ahakomeye, Harry Rednapp amenyereza Tottenham, avuga ko miliyoni 22 zitangwa na Chelsea kur'uyu mukinyi ar'agasuzuguro mu gihe Roman Abramovic yifuza uyu mukinyi mu murwi wiwe uko vyogenda kose.

N' aho Renapp avuga ko Chelsea itarashira ahagaragara icifuzo cayo, uyu mukinyi ngo ntashobora kumugurisha n'ubwo hoba ku giciro kingana gute.

Luca Modric yashitse muri Tottenham mu 2008 avuye muri Dinamo Zagreb ya Ukraine, ubu akaba egeze ku rwego rw'abakinyi ba mbere beza kw'isi bakina hagati.

Yaheruka gusinyira iyindi myaka 6 mu murwi wa Tottenham, kumurekuira ngo bikaba vyoba ari nk'ubusasi kuko umumeneyreza wiwe yemeza ko atobona uwumusubirira.