Arsenal yaguze Gervinho yakinira Lille

Umukinyi mushasha wa Arsenal, Gervinho Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Umukinyi mushasha wa Arsenal, Gervinho

Arsenal yemeje ko yaguze Gervinho, umunye Cote d'Ivoire akina imbere yahora akinira Lille yo mu Bufaransa.

Uwo mukinyi w'imyaka 24 yatsindiye Lille ibitsindo 15 bituma itahukana ibikombe bibiri harimwe n'ic'u Bufaransa mu mwaka uheze.

Arsenal ubu iri muri Aziya mu nkino zo kwitegurira amahiganwa akurikira, kandi umumenyereza Arsene Wenger yavuze ko Gorvinho azobasangayo, ngo akaba yasuzumwe n'abaganga ku wa kane.

Ngo babaye baramurungika muhira gatoyi kuko afise umugore n'abana, ngo nico gituma atajanye n'abandi muri Aziya.

Gervinho yakiniye Cote d'Ivoire mu nkino za Olympic mu 2008 i Beijing, mu minsi iheze akaba yarabwiye ikinamakuru France Footbal ko yahisemwo Arsenal kuko ari umurwi w'abakiri bato ngo bikazomworohera kuwukinira.