Arsenal yicaritse Fabregas na Nasri mu rukino rw'ejo

Fabregas na Nasri bari mu gusezerera Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Fabregas na Nasri bari mu gusezerera Arsenal

Arsenal yicaritse Cesc Fabregas na Samir Nasri mu rukino rw'ejo izokina na Newcastle mu gihe bose bari mu kuja mu yindi migwi.

Fabregas vyitezwe ko aja muri Barcelone ku giciro c'imiriyoni 35 z'ama pound, Nasri nawe aje muri Manchester City ku miriyoni 23.

Naho atari ho bazo ba bari, Wenger yanse kugira ico avuga kuri kazoza k'abo bakinyi bakina hagati.

Yavuze ati: "Nta numwe nziga ko azogenda. Nta makuru ndabifiseko. Ninagira ayo menya, ndemeye ko nzoyatanga."

Abajijwe nimba yizeye ko abo bakinyi babiri bazoguma muri Arsenal, Wenger yavuze uko ariko abiziga.

Ariko kare ku rubuga rwa internet rwa Arsenal, Wenger yemeje ko kazoza ka Fabregas kazomenyekana imbere y'uko amahiganwa mashasha ya Premier League atangura ejo kuwa gatandatu.