Per Mertesacker aragana Arsenal

Per Mertesacker
Image caption Per Mertesacker

Arsenal kandi yiteguye gusinyanira amasezerano n'umunya Bresil Andre santos.

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yihatiye gutsimbataza ibibanza vy'abakinyi b'inyuma , mu gihe iwo murwi uheruka kuyagirwa na Machester United.

Mu rukino rwo kuw'Imana rwa Premier League , Man U yatsinze Arsenal 8-2.

Mertesacker ari mu mwaka wa nyuma w'ikiringo c'amasezetrano yiwe na Bremen, kandi umurwi yahora akinira ntuzoja mu nkino za Champions League canke Europa league mur'iki iringo.

Yari kandi mu murwi nserukiragihugu w'Ubudagi watsinze Ubwongereza 4-1 mu nkino z' igikombe c' isi yose zabereye muri Afrika y' epfo umwaka uheze.