Kolo Toure yaravuye mu gihano

Kolo Toure Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kolo Toure

Umunye Cote d'Ivoire akinira Manchester City, Kolo Toure, mu ndwi iheze yasubiye mu kibuga nyuma y'amezi atandatu yarahagaritswe.

Kolo Toure yari yarahagaritswe nyuma yaho hatorewe ibiyovyabwenge mu maraso yiwe, yakinye ari kapitene wa City kuwa gatatu mu rukino yatsinze Birmingham City 2-0 mw'ihiganwa rya Carling.

Toure w'imyaka 30 yavuze ko yumva anezerejwe no kuba yarasubiye mu kibuga.

Ngo vyaramugoye cane kumara amezi atandatu adakora akazi akunda ko gukina umupira w'amaguru.

Toure yahagaritswe mu kwezi kwa gatatu nyuma y'aho ibipimo vyafashwe vyasanzwemwo ibitemewe, bitewe n'uko yafata imiti y'abagore ibafasha kugabanya ibiro.