Manchester City yahagaritse Carlos Tevez

Carlos Tevez Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Carlos Tevez

Manchester City yahagaritse Carlos Tevez mu ku muhana mu gihe bivugwa ko yanse kwinjira mu kibuga ngo asubirire uwundi mukinyi mu rukino City yatsinzwe 2-0 na Bayern Munich.

Tevez w'imyaka 27, avuga ko ikibazo catahuwe nabi, akaba yahagaritswe gukina gushika bihinduwe, ikiringo kingana indwi zibiri.

Urwandiko rwashizwe ahabona na Manchester City, ruvuva ko ingingo yo guhagarika Tevez yafashwe mu kurindira ko itohoza rihera.

Ngo Tevez ntazoja ku rutonde rw'abakina, kandi ntazoja mu myimenyerezo.

Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Mancini, yashatse kwinjiza Tevez mu rukino mu gice ca kabiri i Alianz Arena ku wa kabiri, ariko uwo munye Argentine yasa nk'uwudashaka kuja mu kibuga.