Sepp Blatter yasavye ikigongwe

Umukuru wa FIFA, Sepp Blatter Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umukuru wa FIFA, Sepp Blatter

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, Sepp Blatter, yabariye BBC ko asavye ikigongwe ku majambo yavuze kw'ivangura moko mu mupira.

Uwo mukuru wa FIFA yariyamirijwe cane nyuma y'aho avugiyeko ata macakubiri afatiye ku rukoba ari mu bakinyi, ko ngo ivyoshika vyose mu kibuga vyoherahezwa no guhana ikiganza.

Bwana Blatter yavuze ko yakoresheje amajambo atari akwiye kandi ngo aravyicuza cane.

Yavuze ko amacakubiri afatiye ku rukoba atagomba kwihanganirwa na gatoyi mu kibuga, avuga ko abakinyi babigize bari bakwiye gukurwa mu rukino ubutakigaruka.

Bwana Blatter kandi yavuze ko ata bariko baramusaba gutanga imihoho.