Newcastle yaguze Papiss Demba Cisse

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa mbere, 2012 - 19:06 GMT
Papiss Demba Cisse

Papiss Demba Cisse

Umenye Senegal akina imbere, Papiss Demba Cisse, yagiye muri Newcastle avuye mu mugwi Freiburg wo mu Budage ku mahera atamenyeshejwe.

Uwo mukinyi w'imyaka 26 yemeye kuza muri Newcastle imbere y'uko afata indege aja gukina mu gikombe ca Afrika, aho azosanga uwo bagiye gukinana Demba Ba.

Cisee amaze gutsinda ibitsindo icenda mu nkino 15 muri kino kiringo, azokwambara inimero icenda muri Newcastle.

Ahejeje gushira umukono ku masezerano yo gukinira Newcastle, yavuze ko ari agateka atewe.

Cisse akurikiye benshi bambaye iyo nimero muri Newcastle, barimwo Hughie Gallacher, Jackie Milburn, Wyn Davies, Malcolm MacDonald, Mick Quinn, Andy Cole, Les Ferdinand na Alan Shearer, bakaba bose barabaye ba rurangiranwa bagikinira uwo mugwi.

Uwo munye Senegal akina imbere, amaze gutsinda ibitsindo indwi mu nkino mpuzamakungu 12, yatsinze igitsindo ca Senegal mu rukino yatsinze 1-0 Kenya mu kwimenyereza imbere y'igikombe ca Africa, kizotangura kuwa Mungu muri Guinee Equatorial na Gabon.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.