Ikibanza ca Olympics 2012 cashikirijwe.

Olympic village Uwufise ububasha kw’isanamu Locog
Image caption Olympic village

Ikibanza cashikirijwe uno munsi ca Olympic Village kizokwakira abanonotsi bagera ku 16000 kumwe n'ababherekeje baturuka mu bihugu bigera ku 200 vyo hirya no hino kw'isi.

Uwujejwe kuyobora abazokugurura ibirori vyo gutanguza izo nkino , Danny Boyle asanzwe atunganya za cinema, avuga kw'icivugo cavyo yacise "Isles of wonder".

Mu bizokoreshwa mur'ivyo birori ateganya gushiraho inkengeri nini izohora ivuzwa muri ayo mahiganwa.

Danny Boyle avuga kandi kw'abana b'abanyeshure bihumbi bazogirauruhara mu guatanguza ibirori vy'izo nkino , kumwe n'abaganga n'abaforoma bakora mu gisata c' ubuvuzi ca leta mu bwongereza.