Jonh Terry ntakiri kapitene w'u Bwongereza

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa kabiri, 2012 - 13:23 GMT
John Terry (i bubamfu) na Anton Ferdinand (i buryo) yagirizwa kuba yaratutse

John Terry (i bubamfu) na Anton Ferdinand (i buryo) yagirizwa kuba yaratutse

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA, ryahagaritse John Terry kuba umu kapitene w'umugwi w'u Bwongereza.

FA yemera ko atagomba kuba kapitene gushika haherahejwe urubanza aregwamwo gutuka umukinyi w'umwirabura amuhora urukoba mu gihe c'urukino mu mwaka uheze.

John Terry yamye ahakana avuga ko atawe yigeze atuka.

Ariko FA yavuze ko ashobora kuguma mu murwi nserukiragihugu w'u Bwongereza.

Umumenyereza w'uwo mugwi, Fabio Capello, yari yagumye avuga ko Terry yari akwiye kuguma ari kapitene gushika yagiriwe n'icaha.

FA ivuga ko yafashe iyo ngingo kuko urubanza ruzoba rukirimwo mu gihe c'inkino z'igikombe ca Buraya mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka.

Terry aramaze kwakwa ubu kapine rimwe, hakaba hari mu 2010 nyuma y'aho yagirijwe gushurashuza uwahoze ari umukunzi w'umukinyi bakinana mu mugwi w'u Bwongereza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.