Carlos Tevez yagarutse muri City

Carlos Tevez Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Carlos Tevez

Umukinyi w'imbere wa Manchester City, umunye Argentine Carlos Tevez, yagarutse i Manchester ejo yiteguriye gusubira gukinira Manchester City.

Tevez ntarasubira gukinira City kuva mu kwezi kw'icenda, igihe umumenyereza Roberto Mancini yavuze ko yanse gukina igihe bahura na Bayern Munich.

Uwo mukinyi w'imbere yatumye havugwa ibindi vyinshi mu ndwi iheze igihe yavuze ko Mancini yamufashe "nk'imbwa".

Roberto Carlos yari yagerageje kuja mu wundi mugwi muri kuno kwezi kwa mbere ariko ntivyamukundiye.