Arsene Wenger ashima abakinyi biwe

Arsene Wenger Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Arsene Wenger

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, ashima ukwitanga kw'abakinyi biwe ku ntsinzi y'ejo ya 2-0 bwa Newcatle.

Arsenal yivyukiranije Newcastle yari yatanguye kwinjiza, mu gutsinda ica kabiri mu mpera z'urukino, cinjijwe na Thomas Vermaelen ahawe na Theo Walcott.

Wenger yavuze ko icatumye batsinda ari ugushaka kwinshi hamwe no kudaheba gushika ku firimbi ya nyuma.

Arsenal yari inyuma ya Tottenham amanota cumi ku kibanza ca gatatu, ukwezi kumwe imbere y'uko iyo migwi ihura, ariko ubu Arsenal irushwa inota rimwe gusa nyuma y'intsinzi zungikanye.

Umugwi wa Wenger wabanje kwinjizwa mu rukino rw'ejo kuwa Mbere kuri Emirates Stadium, rukaba ari urukino rwa kane itanguye kwinjizwa, igihe Hatem Ben Arfa wa Newcaste yinjiza.

Ariko Van Persi yaciye acishura mu munota umwe gusa, kiba igitsindo ciwe kigira 44 mu nkino 45, imbere y'uko Varmaelen yinjiza ic'intsinzi mu mpera z'urukino.