Kapitene wa Bolton ngo igikombe ca FA nta kamaro

Kevin Davis Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kevin Davis

Kapitene w'umugwi wo mu Bwongereza Bolton, Kevin Davis, avuga ko kuvuga kuvyo kuva mu gikombe ca FA ata kamaro kuko igihambaye ubu ari amagara ya Fabrice Muamba.

Muamba w'imyaka 23 ari hagati y'urupfu n'ubuzima nyuma y'aho umutima wiwe uhagarariye gutera mu rukino rw'igikombe ca FA Bolton yakina na Tottenham.

Vyari bitanguye kuvugwa ko Bolton izokwikura muri iryo higanwa kubera abakinyi vyababaje cane, bikaba vyobagora gusubira ku kibuga ca White Hart Lane.

Ariko Davis yabariye BBC Radio Manchester ati: "Twarabajijwe ico kibazo twese ariko nibaza ko ubu ata kibanza gifise."

Yongeyeko ati: "Mu gihe tutaramenya neza uko Fabrice amerewe, nibaza ko ata kindi gifise akamaro.

"Ndazi ko bashaka gusivya urukino rw'ejo mw'ijoro (na Aston Villa), ariko ivyo ntibitangaje. Ibizokurikira ntavyo tuzi. Ubu ikiduhangayikishije ni Fabrice be n'umuryango wiwe. Ivy'umupira w'amaguru ubu nta mwanya tubifitiye."

Urukino rw'igikombe ca FA Cup ingunga ya gatandatu rwarahagaritswe nyuma y'iminota 41 kuwa Gatandatu, igihe Mwamba yagwa hasi ku kibuga ata n'umwe amuri hafi.

Gushika ubu aracari mu bitaro bivura ingwara y'umutima mu muji wa Londres, akaba atarasubira gukubita urugohe.