Pep Guardiola agiye gusezera Barcelona

Pep Guadiola Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Pep Guadiola, Barcelona

Pep Guardiola kuva atanguye gutwara Barcelona mu myaka ine irangiye, watwaye ibikombe bibiri mu mahiganwa ya UEFA , n'igikombe c'amahiganwa yo mu gihugu muri Espagne incuro gatatu.

Ariko yabwiye abanyamakuru ko agiye kusezerera uwo murwi kuko ngo arushe kandi akeneye akaruhuko.

Ariko rero kubona uwo murwi waratsinzwe kuwa kabiri na Chelsea hamwe rero na Real Madrid mu ndwi iheze , vyatumye uwo murwi utakaza icizere co gutsinda mur'iki kiringo .

Barcelona yabaye iragena icegera ciwe Tito Vilanova kugira abe aramusubirira.