Ronaldo ntiyanateye penalty

Cristiano Ronaldo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Cristiano Ronaldo

Kapitene wa Portugal, Cristiano Ronaldo na equipe yiwe baraye bakuwemwo ku ma penalty yatsinzwe na Espagne.

Ronaldo mbere ntiyanashikiriwe mu gutera ayo ma penalty kuko yari yahisemwo gutera iya nyuma. Espagne ubu rindiriye uwutsinda hagi ya'Ubudagi n'Ubutaliano.

Espagne niyo yari yatahanye igikombe ca Bulaya mu mupira w'amaguru mu 2008.