Ikirego ca FIFA kuri Hammam cimwe agaciro

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Bin hammam

Ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru FIFA ryari ryakumiriye burundi Mohammed Bin Hammam rimwagiriza ko yatanze ruswa igihe yashaka kwitoza kuyobora FIFA mu kibanza ca Sepp Blatter.

Urwego rujejwe gutatura amatati afatiye ku nkino ruvuga ko ata bimenyetso bikwiye bishobora gurtuma Bin Hammam aburanishwa.

Ariko rero azokomeza gukumirwa kuyobora ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Asia kubera ivyo arerwa.