Usain Bolt mu ca kabiri c'ihiganwa muri Olympique

Usain Bolt
Image caption Usain Bolt

Usain Bolt asanzwe ariwe afise umudari w'inzahabu mu kwiruka imetero 100, yashitse mu cahakiri c'ihiganwa bitamugoye mu mwanya w'amasengoda 10 n'ibice 09.

Yatanguye bukebuke ariko aza kuvuduka mu nyuma, mu gihe uwufise umudari ku rwego rw'isi, Yohan Blake, yirutse mu masegonda 10 nawe akaba yashitse mu ca kabiri c'ihiganwa.

Umunye Amerika Ryan Bailey niwe yagize umwanya muto kurusha bose, akaba yirutse imetero ijana mu masegonda 9 n'ibice 88.

Umwongereza w'umuyabaga, Adam Gemili yahejeje ari uwa kabiri mu masegonda 10 n'ibice 11 inyuma ya Asafa Powell, Dwain Chambers nawe akaba yagize amasegonda 10 n'ibice 02.

Icakabiri c'ihiganwa hamwe n'umukino wa nyuma mu metero ijana urindiriwe cane kurusha iyindi, bizoba ejo kuwa Mungu mu masaha yo ku mugoroba.