Sergio Aguero ngo ntatewe ubwoba n'imvune

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa munani, 2012 - 15:05 GMT
Sergio Aguero avunika ejo

Sergio Aguero avunika ejo

Umukinyi w'imbere wa Manchester City, Sergio Aguero, yavuze ko hadakwiye kuba ikibazo kubera imvune yagize mu rukino rw'ejo City yatsinze Southampton.

Uwo munye Argentine w'imyaka 24, yatwawe ku nderuzo ava mu kibuga nyuma y'iminota umuni, ahwanije na Nathaniel Clyne.

Aguero yanditse ku rubuga rwiwe rwa Tweeter ko yakomanije cane n'uwundi mukinyi ku vi, ngo ariko nta mvune ikomeye yagize.

City vyitezwe ko imenya neza uko ikibazo cifashe mu masaha 48, ibipimo vyose bimaze kugirwa.

Aguero asigaye ari umukinyi afitiye akamaro kanini umugwi wa City, akaba yarinjije igitsindo cahaye intsinzi City ya 3-2 vya QPR mu rukino rwa nyuma rw'amahiganwa aheruka aca ahesha City igikombe ca Premier League co mu Bwongereza.

Vyose hamwe yinjije ibitsindo 23 mu mwaka wa mbere akiniye City, ikaba yaramuguze amahera imiriyoni 38 z'ama pound avuye mu mugwi Atletico Madrid wo muri Espagne.

Mu rukino rw'ejo Aguero yasubiriwe na Edwin Dzeco, uwo mukinyi w'umunye Bosnia, akaba yarinjije igitsindo ca City ca kabiri co kwishura, mu nyuma iza gutsinda Southampton 3-2 ku kibuga ca Etihad.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.