Serbie ihakana amacakubiri ku Bwongereza

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa cumi, 2012 - 15:34 GMT
Umukinyi w'Ubwongereza Danny Rose, i bubamfu.

Umukinyi w'Ubwongereza Danny Rose, i bubamfu.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Serbie rivuga ko ata macakubiri afatiye ku rukoba yakorewe abakinyi b'Ubwongereza, umugwi w'abatarenza imyaka 21.

Ivyo vyashitse mu rukino rw'ejo kuwa kabiri rwo guhiganirwa kuja mu gikombe ca Buraya 2013.

Abajejwe iryo shirahamwe kandi bashize amakosa ku mu kinyi w'Ubwongereza, Danny Rose, y'uko ari we yateje akaguma kakurikiye urukino kubera ukwitwara nabi kwiwe.

Kare Rose w'imyaka 22, yasavye ko Serbie yohagarikwa mu rukino, avuga ko yatutswe kubera urukoba rwiwe muri urwo rukino.

Ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Serbie, ryavuze ko hari umwuka mwiza wo kurekuriranira mu kibuga no mu barorerezi.

Connor Wickham yatsinze ku munota wa 90, aca atuma umugwi umenyerezwa na Stuart Pearce uca uronka itike yo kuja mw'ihiganwa rya Euro 2013.

Ico gitsindo cateje akaguma hagati y'abakinyi n'ababamenyereza ku mpande zombi, banaterana ibimeze nk'amabuye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.