Umukinyi w'Umunyafrica wa BBC 2012

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 19:49 GMT
AFOTY

Umukinyi w'Umunyafrica wa BBC 2012

Guhitamwo umukinyi w'umunyafirca wa BBC w'umwaka w'i 2012 vyarangiye.

Uwatsinze azomenyeshwa kuri Sport Today isaha 1630 kw'isaha mpuzamakungu ya GMT(2030 mu Burundi no mu Rwanda) itariki 17/12.

Abakinyi 5 nibo bari ku rutonde rwo guhitamwo harimwo Yaya Toure , uwo bava mu gihugu kimwe Didier Drogba, umunye Senegal Demba Ba, uwuturuka muri Maroc Younes Belhanda hamwe n'umnyeZambia Christopher Katongo.

Wabaye umwaka mwiza cane kuri abo bose uko ari 5, bane muri bo bakaba baratsindiye ibikombe.

Nta buryo bwiza buruta ingene Drogba yasezeye Chelsea amaze kwinjiza penalty yatumye batsinda kugira batahane igikombe c'imigwi ya mbere mu bihugu vya Bulaya(Champions League) , ubwa mbere muri kahise k'uwo mugwi, hamwe no kwinjiza igitsindo cazanye intsinzi mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe c'Ubwongereza (FA Cup).

Umuvandimwe wiwe Toure yabaye umukinyi remezo mu mugwi wa Manchester City ubwo uwo mugwi warangije ihiganwa rya Premier League ari uwa mbere, bukaba bwabaye ubwa mbere mu myaka 44 batahukana ico gikombe

Na Belhanda yarashitse ku ntsinzi mu gihugu akiniramwo mu Bufaransa aho ibitsindo vyiwe 12 n'ugukina neza ikiringo cose vyafashije cane kugira umugwi wa Montpellier utahukane atawari avyiteze intsinzi y'ihiganwa rya Ligue 1.

Ku rwego mpuzamakungu hari uwundi yabaye uwa mbere mu gihe Katongo yarongora umugwi wa Zambia akawushikana ku ntsinzi mu gikombe c'ibihugu vya Africa aho Chipolopolo yatsinze Cote d'Ivoire ku ma penalite mu rukino rwa nyuma.

Ba ntiyashitse kure muri ico gikombe ca Africa kuko Senegal yavuye mw'ihiganwa imigwi ikiri mu gukuranamwo, ku bimuraba ariko yigenjeje neza cane muri New Castle aho yarangije ikiringo giheze ari we mukinyi wa mbere wo mu mugwi wiwe yinjije ibitsindo vyinshi ku bitsindo 17, akaba yatumye uwo mugwi urangiza ku kibanza ca gatanu.

Hamaze kuba abakinyi 17 batandukanye babaye anakinyi ba BBC b'umwaka. Umwe gusa, Jay Jay Okocha, niwe amaze gufata ico kibanza kabiri yikurikiranya mu 2003 na 2004.

Kuri abo bene b'uyu mwaka, Dridier Drogba niwe wenyene yari amaze gutsindira ico kibanza n'ubwo Yaya Toure yari muri batanu ba nyuma bo guhitamwo mu 2011.

Abakinyi bo muri Ghana bagiye bariganzira ico kibanza kuva gitanguye mu 2000, aho hakavugwa Sammy Kuffour,MIchael Essien,Asamoah Gyan na Andre 'Dede' Ayew.

Abagiye barakurikirana gutsindira iico kibanza ni

2011 - Andre 'Dede' Ayew (Marseille & Ghana)

2010 - Asamoah Gyan (Sunderland & Ghana)

2009 - Didier Drogba (Chelsea & Cote d'Ivoire )

2008 - Mohamed Aboutrika (Al Ahly & Egypt)

2007 - Emmanuel Adebayor (Arsenal & Togo)

2006 - Michael Essien (Chelsea & Ghana)

2005 - Mohamed Barakat (Al Ahly & Egypt)

2004 - Jay Jay Okocha (Bolton & Nigeria)

2003 - Jay Jay Okocha (Bolton & Nigeria)

2002 - El Hadji Diouf (Liverpool & Senegal)

2001 - Sammy Kuffour (Bayern Munich & Ghana)

2000 - Patrick Mboma (Parma & Cameroon)

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.