Chelsea: Umumenyereza mushasha ajako uno munsi

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:48 GMT
Roberto Di Matteo yirukanywe na Chelsea

Roberto Di Matteo yirukanywe na Chelsea

Chelsea yizeye kugena umumenyereza asubirira Di Matteo uno munsi kuwa Gatatu.

Di Matteo yirukanywe nyuma yo gutsindwa 3-0 na Juventus muri Champions League.

Nyene uwo mugwi, Roman Abramovich, bizwi ko kuva kera yamye akunda Pep Guardiola, ariko ntibizwi neza nimba uwo mugabo yahoze amenyereza Barcelona yokwemera akazi ka Chelsea.

Chelsea yavugaye kandi n'uwahoze amenyereza Liverpool, Rafael Benitez, ngo bumve nimba yoba ashaka kumenyereza Chelase mu kiringo gito.

Umugwi nyobozi wa Chelsea wahuye mu gitondo c'uno munsi, kandi uwo baza gushirako ubu ashobora kuba uw'igihe gito wo kuba arasimbura Di Matteo, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC akurikirana inkino, David Bond.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.