Yaya Toure

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 15:01 GMT
Yaya Toure

Amaze gutuma manchester City itsindira igikombe ubwa mbere mu myaka 35 mu kwinjiza igitsindo rudende mu rukino rwa nyuma rwa FA Cup 2011 ku kibuga ca Wembley, Yaya Toure yabandanije kuba kizigenza mu kiringo gikurikira aho City yarangiza ari iya mbere muri Premier League ubwa mbere.

Uwo mukinyi w'umunyeCote D'Ivoire akina hagati yabaye kirumara mu ntambwe City yagize mu kurangiza imyaka 44 yari imaze irindiriye gutwara idarapo ry'umugwi wa mbere mu Bwongereza.

Umukino mwiza muri rusangi wa Toure, wongereza ku kwiruka cane kwiwe, kuvuduka hamwe n'ukugira inguvu, vyatumye City yiganzira urukino rwo hagati maze ija irarengana abari imbere yayo bose.

Toure yavyifashemwoneza igihe City yatsinda mukeba wayo Manchester United hanyuma agatsinda bibiri New Castle mu rukino rwategerezwa kwerekana utsinda aho intsinzi yaca ayitumberezaku ruhande rwiwe mu kurusha ibitsindo, aho ico barushije abandi arico cari gikenewe kugira batahukane igikombe.

Yatsindiye igikombe cy'Ubwongereza

Ugutsindira igikombe ca League Champions vyongeye ku zindi ntsinzi yaramze gutahuna harimwo Champions League ya Bulaya, Super Cup ya Bulaya, igikombe ca Fifa Club World Cup, ibikombe bibiri vyo mw'ihiganwa rya Espagne, na Copa del Rey yatsinze ari kumwe na Barcelone , hanyuma rero n'igikombe c'ihiganwa ry'imigwi yo mu Bugiriki yatsindiye ari muri Olympiakos.

Toure, yatsindiye agashimwe k'umukinyi wa Africa ka CAF 2011, yatanguye iki kiringo ahagaze neza cane. yarinjije mu rukino rwa Community Shield aho City yatsinda Chelsea kandi akaba amaze no kwinjiza ibindi bitsindo bine muri Premier League.

Mu kwezi kwa mbere azotangura kurondera n'umugwi wiwe wa Cote d'Ivoire intsinzi y'igikombe c'ibihugu vya Africa maze agerageze kwongereza urutonde rw'intsinzi amaze kwegeranya mu myaka mihire amaze akina.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.