Messi yemeye kubandanya akinira Barca

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 13:05 GMT
Lionel Messi

Lionel Messi

Lionel Messi yagiranye amasezerano mashasha na Barcelone, azomugumiza muri uwo mugwi wo muri Espagne gushika mu 2018.

Uwo munye Argentine w'imyaka 25, yavyitwayemo neza cane muri uno mwaka, atsinda ibitsindo vyinshi bitari bwakwinjizwe mu mwaka umwe, akaba amaze kwinziza ibitsindo 90 mu 2012.

Umukinyi w'inyuma, Carles Puyol w'imyaka 34 hamwe n'uwo hagati Xavi Hernandez w'imyaka 32 nabo bemeye kuguma muri Barca gushika mu 2016.

Amasezerano ya Messi yagomba guhera mu kwa Gatandatu 2016, Puyol wewe akaba yahera mu 2013 nayo Xavi mu 2014.

Messi ari kumwe na Barcelona kuva afise imyaka 13, akaba yakinye urukino rwiwe rwa mbere aho bahura n'umugwi RCD Espanyol itariki 16 z'ukw'icumi 2004.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.