Yaya Toure, umukinyi wa Afrika wa 2012

  • 21 Ukw’icumi na kabiri 2012
Yaya Toure

Umukinyi wo hagati wa Manchester City Yaya Toure yatowe nk'umukinyi wa mbere w'umunyafrika w'uyu mwaka; atsindiye ico kibanza ubugira kabiri.

Yaya Toure yatsinze Didier Drogba wa Chelsea yaronse ikibanza ca kabiri, nayo uwa gatatu ni Alex Song.

Yatahukanye intsinzi mu matora yakozwe n'abamenyereza canke abayobozi b'ubuhinga b'ibihugu biri mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika.

Uwumaze gutsindira iki kibanza incuro kenshi ni Samuel Eto'o yahoze akinira Barcelona, amaze gutsinda kane.

Umurwi wa Zambia watwaye igikombe ca Afrika wagenywe ko ariwo murwi y'uyu mwaka kimwe n'umumenyereza wayo.