Kwitegurira igikombe ca Afrika: Zambia na Ethiopia

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa mbere, 2013 - 19:02 GMT
Igikombe ca Afrika 2013

Igikombe ca Afrika 2013

Mu 2012, abakinyi b'umupira w'amaguru ba Zambia bakoze ibisa n'ibitangaro mu gutwara igikombe ca Afrika ubwa mbere.

Urunganwe rw'abakinyi baguye mu mpanuka y'indege mu 1993 ku nkengero za Gabon ntirushobora kwibagirana, ariko ubu abanye Zambia bafise intwari nshasha zirongowe n'umumenyereza w'umu Faransa, Herve Renard.

Nyuma y'amezi 12 batahukanye intsinzi i Brazaville, Chipolopolo ifise amahirwe yo kugumana igikombe ca Afrika ariko ubu nta gitangaro bitezweko.

Umugwi urakomeye kandi ufise uburambe, ukaba urongowe na kizigenza aheruka gutsindira agashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza muri Afrika, Christopher Katongo.

Azoba ari kumwe imbere na Emmanuel Mayuka akinira Southampton yo mu Bwongereza, ariko akaba atarashobora kwiyerekana mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza kuva ryatangura.

Hari kandi Jacob, amaze gutsindira kenshi umugwi wa Ultrecht wo mu Buholandi.

ETHIOPIA

Ethiopia igarutse mw'ihiganwa yari ibikumbuye nyuma y'imyaka 31 itagaragara, ikaba ije muri Afrika y'epfo atavyo ifise itinya.

Gushika mw'iri higanwa mu gutsinda Sudani ku bitsindo vyinjirijwe hanze, vyahaye ingoga igihugu cose gisanzwe kizwe cane kubera inkino zo kunonora imitsi.

Umumenyereza mukuru Sewnet Bishaw bizwi ko akunda umukino wo guhanahana imipira migufi, n'abakinyi bamenyereye kwisanzura, ivyo bikazoshobora kubera intambamyi abo basangiye itsinda ari bo Zambia, Nigeria na Burkina Faso.

Ku mugwi wa Ethiopia w'ubu, umukinyi w'imbere Saladin Said ni umwe mu bakinyi bashobora kwigaragaza cane, akaba yarinjije igitsindo mu rukino na Sudani, catumye umugwi Wlya Antelopes ubandanya.

Shimelis Bekele ni umukinyi akiri muto akina hagati, akaba ariwe ajejwe gukenyurira abakinyi b'inyuma b'imigwi bazohura, mu gihe umukinyi w'inyuma Alula Girma nawe ashobora gukwega amaso y'amashaka kugura abakinyi beza.

Ethiopia cari kimwe mu buhugu bitatu gusa vyagiye mw'ihiganwa rya mbere ry'igikombe ca Afrika mu 1957, ica itsindira ico gikombe mu 1962 ku butaka bwayo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.