Man United yitaje amanota 15 muri Premiership

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa kabiri, 2013 - 19:24 GMT
Ryan Giggs

Ryan Giggs

Ryan Giggs yatsinze mu rukino rugira 999 akinye mu mwuga wiwe, ahesha Manchester United umwitazo w'amanota 15 kuri Manchester City iyikurikira.

Uwo mugabo w'umunye Wales yahaye intsinzi United nyuma y'igitsindo ca mbere cinjijwe na Rafael ari kure, intsinzi iba iya United ya bibiri kuri kimwe ca QPR.

Umusore w'umunye Brazil, Rafael, yerekanye kandi ko akomeye cane mu gukina inyuma, igihe yakuramwo umupira wa Chris Samba uri ku murongo w'igoli.

QPR yavyifashemwo neza bavuye mu karuhuko, ariko Giggs yahamereye magabo aca atsinda hasigaye iminota cumi ngo urukino ruhere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.